vendredi 1 mai 2009

BBC Gahuzamiryango ntiyumvikana kuri FM mu Rwanda

Leta y'u Rwanda yafashe ingingo y'uguhagarika vy'agateganyo amasezerano yagiranye na BBC kw'ikoresha ry'umurongo wa FM ucako ibiganiro vya BBC Gahuzamiryango mu Rwanda.
Leta ivuga yuko itashimishijwe n'ivyavugiwe mu kiganiro c'imvo n'imvano co mu ndwi iheze, kubera yuko ngo harimwo abahakana genocide yakorewe Abatutsi.

Ivyo vyatangajwe n'umushikiranganji ajejwe itangazamakuru mu Rwanda Madame Louise Mushikiwabo

Uyu munsi umukuru wa BBC ajejwe igisata ca Afrika n'uburasirazuba bwo hagati, Jerry Timmins, yagize ico avuga kuri iyo ngingo mu kiganiro yahaye Net Work Afrika.

Muri make avuga ko iyo ngingo yamubabaje ,ati ariko hari ibiganiro bine vyari bimaze kwumvikana kuri uwo murongo wa FM .

yavuze ko ubutegetsi bwa BBC buzogerageza kwihwea amakenga u Rwanda rufise kugirango batore umuti w'iyo ngorane ,mugabo ngo arafise ivyizigiro ko ibintu bizoja mu buryo . Ati burya abantu isinzi barizera BBC muri rusangi .